The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Iron [Al-Hadid] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 4
Surah The Iron [Al-Hadid] Ayah 29 Location Madanah Number 57
هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ يَعۡلَمُ مَا يَلِجُ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَمَا يَخۡرُجُ مِنۡهَا وَمَا يَنزِلُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ وَمَا يَعۡرُجُ فِيهَاۖ وَهُوَ مَعَكُمۡ أَيۡنَ مَا كُنتُمۡۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ [٤]
Ni Yo Yaremye amajuru indwi n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo “Al’Arsh” mu buryo buberanye n'icubahiro cayo; Irazi neza ibinyikira mw’isi nk’amama y’imvura n’ibindi[1]; ibiva mw’isi nk’ibimera, ubutare n’amazi n’ibindi; ibimanuka biva mw’ijuru nk’imvura, abamalayika n’Ibitabu, n’ibindi; ibiduga bija mw’ijuru nk’abamalayika, ibikorwa vy’ibiremwa, n’ibindi; kandi Yamye Iri kumwe na mwe ku bumenyi bwayo aho muri hose. Ni na Yo rero Ibona neza ivyo mukora, Nyenukubona.