عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

Exile [Al-Hashr] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 7

Surah Exile [Al-Hashr] Ayah 24 Location Madanah Number 59

مَّآ أَفَآءَ ٱللَّهُ عَلَىٰ رَسُولِهِۦ مِنۡ أَهۡلِ ٱلۡقُرَىٰ فَلِلَّهِ وَلِلرَّسُولِ وَلِذِي ٱلۡقُرۡبَىٰ وَٱلۡيَتَٰمَىٰ وَٱلۡمَسَٰكِينِ وَٱبۡنِ ٱلسَّبِيلِ كَيۡ لَا يَكُونَ دُولَةَۢ بَيۡنَ ٱلۡأَغۡنِيَآءِ مِنكُمۡۚ وَمَآ ءَاتَىٰكُمُ ٱلرَّسُولُ فَخُذُوهُ وَمَا نَهَىٰكُمۡ عَنۡهُ فَٱنتَهُواْۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَۖ إِنَّ ٱللَّهَ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ [٧]

Ivyo Imana Allah Yanyagiye Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bivuye ku baba mu ducimbiri ata ndwano irinze kuba, bitangwa mu bikorwa vy'iterambere rusangi, bigahabwako n’incuti za hafi mu muryango w'Intumwa[2], impfuvyi, abakene n’ingenzi yakehaniwe ku rugendo, kugira ngo ivyanyazwe ntibigume mu minwe y’abakire gusa muri mwebwe. Ni uko rero, ico Intumwa y'Imana ibashikirije canke ibigishije, muracakira uko ikibashikirije; ico ibabujije kwakira canke gukora na co, murakireka, muheze rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irahana Igahasha abaca kubiri n'amabwirizwa yayo.