The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesExile [Al-Hashr] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 9
Surah Exile [Al-Hashr] Ayah 24 Location Madanah Number 59
وَٱلَّذِينَ تَبَوَّءُو ٱلدَّارَ وَٱلۡإِيمَٰنَ مِن قَبۡلِهِمۡ يُحِبُّونَ مَنۡ هَاجَرَ إِلَيۡهِمۡ وَلَا يَجِدُونَ فِي صُدُورِهِمۡ حَاجَةٗ مِّمَّآ أُوتُواْ وَيُؤۡثِرُونَ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ وَلَوۡ كَانَ بِهِمۡ خَصَاصَةٞۚ وَمَن يُوقَ شُحَّ نَفۡسِهِۦ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ [٩]
N’abasangwa b’i Madina “Answaari” bahisemwo kwemera imbere yuko abimukira bashika bava i Makka, barakunda abimukira baje babagana, bakanasabikanya na bo ivyo bafise, ntibanabagirira ishari n’akangonongono mu mitima yabo ku vyo bahawe mu minyago, baranabibahebera mu kubigura n’aho na bo nyene boba bakenye. Uwuzokingirwa kuba ingumyi rero, ari mu bantu baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.