The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe cattle [Al-Anaam] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 143
Surah The cattle [Al-Anaam] Ayah 165 Location Maccah Number 6
ثَمَٰنِيَةَ أَزۡوَٰجٖۖ مِّنَ ٱلضَّأۡنِ ٱثۡنَيۡنِ وَمِنَ ٱلۡمَعۡزِ ٱثۡنَيۡنِۗ قُلۡ ءَآلذَّكَرَيۡنِ حَرَّمَ أَمِ ٱلۡأُنثَيَيۡنِ أَمَّا ٱشۡتَمَلَتۡ عَلَيۡهِ أَرۡحَامُ ٱلۡأُنثَيَيۡنِۖ نَبِّـُٔونِي بِعِلۡمٍ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ [١٤٣]
Ivyo bitungwa rero biri mu moko umunani, hari ane mu ntungwa; impfizi y’intama n’intamakazi, impfizi y’impene n’impenekazi. Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “None Imana Allah Yaziririje gusa impfizi z’intungwa?”. Nibakwishura bati: “Ego cane!”, bazoba babesha kuko ntibaziririza impfizi y’intungwa iyo ari yo yose. Babaze kandi uti: “Canke Imana Allah Yaziririje gusa intamakazi n’impenekazi?”. Nibakwishura bati: “Ego cane!”, bazoba babesha kuko ntibaziririza intamakazi n’impenekazi izo ari zo zose. Ongera ubabaze kandi uti: “Canke Imana Allah Yaziririje umwagazi ukiri mu nda y’intama n’uwuri mu nda y’impene?”. Nibakwishura bati: “Ego cane!”, bazoba babesha kuko ntibaziririza umwagazi uwo ari wo wose ukiri mu nda ya nyina. Babwire rero uti: “Nimunyishure mwisunze ubumenyi bwemeza ukuri ku vyo muvuga nimwaba muri imvugakuri!".