The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe cattle [Al-Anaam] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 152
Surah The cattle [Al-Anaam] Ayah 165 Location Maccah Number 6
وَلَا تَقۡرَبُواْ مَالَ ٱلۡيَتِيمِ إِلَّا بِٱلَّتِي هِيَ أَحۡسَنُ حَتَّىٰ يَبۡلُغَ أَشُدَّهُۥۚ وَأَوۡفُواْ ٱلۡكَيۡلَ وَٱلۡمِيزَانَ بِٱلۡقِسۡطِۖ لَا نُكَلِّفُ نَفۡسًا إِلَّا وُسۡعَهَاۖ وَإِذَا قُلۡتُمۡ فَٱعۡدِلُواْ وَلَوۡ كَانَ ذَا قُرۡبَىٰۖ وَبِعَهۡدِ ٱللَّهِ أَوۡفُواْۚ ذَٰلِكُمۡ وَصَّىٰكُم بِهِۦ لَعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ [١٥٢]
Ntimukegere n'amatungo y’impfuvyi muhagarariye ngo muyakoreshe, kiretse mu kuyiyatunganiriza gushika igere mu bigero, ishobore kuyitunganiriza. Ba mukwiza ingero n’umunzane mu buryo butunganye[31]. Nimwitwararika rero gukwiza ingero n’umunzane uko mushoboye, bizoba bikwiye, Twebwe Allah ntidutegeka umuntu gukora kiretse ivyo ashoboye. Nimwaramuka muvuze, na ho nyene muritwararika kuba intungane mu vyo muvuga[32] n’aho mwobera ivyabona abavandimwe banyu, kandi n’isezerano Imana Allah Yabahaye ryo kwubahiriza amabwirizwa yayo, muraryubahiriza. Izo ngingo mudondaguriwe rero, ni ryo ragi ry’Imana Allah Yabahaye kugira mwikebuke, muheze mwibuke ingaruka z’ubuhakanyi bwanyu;