The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe cattle [Al-Anaam] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 70
Surah The cattle [Al-Anaam] Ayah 165 Location Maccah Number 6
وَذَرِ ٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ دِينَهُمۡ لَعِبٗا وَلَهۡوٗا وَغَرَّتۡهُمُ ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَاۚ وَذَكِّرۡ بِهِۦٓ أَن تُبۡسَلَ نَفۡسُۢ بِمَا كَسَبَتۡ لَيۡسَ لَهَا مِن دُونِ ٱللَّهِ وَلِيّٞ وَلَا شَفِيعٞ وَإِن تَعۡدِلۡ كُلَّ عَدۡلٖ لَّا يُؤۡخَذۡ مِنۡهَآۗ أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ أُبۡسِلُواْ بِمَا كَسَبُواْۖ لَهُمۡ شَرَابٞ مِّنۡ حَمِيمٖ وَعَذَابٌ أَلِيمُۢ بِمَا كَانُواْ يَكۡفُرُونَ [٧٠]
Ntumwa y’Imana! Reka ababangikanyamana bagize idini ry’ubwislamu igikinisho n’ikiyago co guteramirako mu gutyoza no guhakana Aayah z’Imana Allah, bakanahendwa n’ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi, maze ubibutse ukoresheje Qor’ani kugira ntihagire uwuzokwigovyora igihe yahaniwe ivyo yakoze, ico gihe ntazoronka uwumutabara mu bihano atari Imana Allah, eka ntazoronka n’uwumuvugira kuri Yo kugira ntahanwe, n’aho yotanga imbohozo kugira ntahanwe ntizokwemerwa namba. Abo ni bo rero bazohanirwa ivyo bakoze, bahemburwe n’ikinyobwa c’amarike yasebuye akaryimara, bahabwe n’ibihano bibabaza bitewe n’ukuntu bagarariza Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bagahakana n’ubwislamu.