The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe cattle [Al-Anaam] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 73
Surah The cattle [Al-Anaam] Ayah 165 Location Maccah Number 6
وَهُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّۖ وَيَوۡمَ يَقُولُ كُن فَيَكُونُۚ قَوۡلُهُ ٱلۡحَقُّۚ وَلَهُ ٱلۡمُلۡكُ يَوۡمَ يُنفَخُ فِي ٱلصُّورِۚ عَٰلِمُ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِۚ وَهُوَ ٱلۡحَكِيمُ ٱلۡخَبِيرُ [٧٣]
Imana Allah, ni Yo Yaremye vy’ukuri amajuru n’isi. Ntumwa y’Imana! Ibuka n’umusi w’umuhero w’isi igihe Imana Allah Yavuze Iti: “Ba”, ugaca uba ubwo nyene nk’ikubita ry’urugohe. Ijambo ryayo ni kwo kuri kudahinyuzwa. Ni Yo Nyenubwami umusi havugijwe inzamba igira kabiri yo kuzuka kw’ibiremwa. Ni Yo Izi ibinyegejwe ibiremwa n’ibiboneka, ni na Yo Ntungane rero mu vyo Ikora, Muhetuziwavyose.