عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The cattle [Al-Anaam] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 80

Surah The cattle [Al-Anaam] Ayah 165 Location Maccah Number 6

وَحَآجَّهُۥ قَوۡمُهُۥۚ قَالَ أَتُحَٰٓجُّوٓنِّي فِي ٱللَّهِ وَقَدۡ هَدَىٰنِۚ وَلَآ أَخَافُ مَا تُشۡرِكُونَ بِهِۦٓ إِلَّآ أَن يَشَآءَ رَبِّي شَيۡـٔٗاۚ وَسِعَ رَبِّي كُلَّ شَيۡءٍ عِلۡمًاۚ أَفَلَا تَتَذَكَّرُونَ [٨٠]

Abantu Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yarungitsweko baramuharirije ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, maze ababwira ati: “Mbega mumpaririza ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, kandi Yaramaze kunshoboza kumenya ko ari Yo Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende! Sindanatinya ko ibigirwamana musenga hari ico vyontwara kiretse mu gihe Imana yanje Rurema Allah Yoshaka ko hari ikinshikira. Burya ubumenyi bw’Imana yanje Rurema Allah bukikije ikintu cose. Mbega ntimwokwibuka mukamenya ko ari Yo Ikwiye gusengwa Itabangikanywa!”.