عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The cattle [Al-Anaam] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 91

Surah The cattle [Al-Anaam] Ayah 165 Location Maccah Number 6

وَمَا قَدَرُواْ ٱللَّهَ حَقَّ قَدۡرِهِۦٓ إِذۡ قَالُواْ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ عَلَىٰ بَشَرٖ مِّن شَيۡءٖۗ قُلۡ مَنۡ أَنزَلَ ٱلۡكِتَٰبَ ٱلَّذِي جَآءَ بِهِۦ مُوسَىٰ نُورٗا وَهُدٗى لِّلنَّاسِۖ تَجۡعَلُونَهُۥ قَرَاطِيسَ تُبۡدُونَهَا وَتُخۡفُونَ كَثِيرٗاۖ وَعُلِّمۡتُم مَّا لَمۡ تَعۡلَمُوٓاْ أَنتُمۡ وَلَآ ءَابَآؤُكُمۡۖ قُلِ ٱللَّهُۖ ثُمَّ ذَرۡهُمۡ فِي خَوۡضِهِمۡ يَلۡعَبُونَ [٩١]

Ababangikanyamana ntibahaye Imana Allah icubahiro nya cubahiro kiyikwiye, igihe bahakana imanurwa ry’Ibitabu bakinamura bati: “Imana Allah ntiyigeze Ihishurira n’umwe mu biremwa ikintu na kimwe”. Babwire uti: “Nivyaba ari nk'uko mubivuga, none ni nde yamanuriye Musa Igitabu ca Tawurati yazaniye abantu biwe kugira kibabere umuco utandukanya ukuri n’ikinyoma, kibabere n'inzira y’ubugororotsi!”, ni na co Gitabu mwebwe abayahudi mwagize impapuro zitatanye, mwerekana zimwe, mukanyegeza nyinshi muri zo[11]. Bantu ba Muhamadi! Na mwe mwarigishijwe muri Qor’ani ivyo mutari muzi[12], mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Imana Allah, ni Yo Yamanuye nya Gitabu”, hanyuma ubarekere mw’ihakana n’ityoza ryabo.