عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The cattle [Al-Anaam] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 93

Surah The cattle [Al-Anaam] Ayah 165 Location Maccah Number 6

وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا أَوۡ قَالَ أُوحِيَ إِلَيَّ وَلَمۡ يُوحَ إِلَيۡهِ شَيۡءٞ وَمَن قَالَ سَأُنزِلُ مِثۡلَ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُۗ وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذِ ٱلظَّٰلِمُونَ فِي غَمَرَٰتِ ٱلۡمَوۡتِ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ بَاسِطُوٓاْ أَيۡدِيهِمۡ أَخۡرِجُوٓاْ أَنفُسَكُمُۖ ٱلۡيَوۡمَ تُجۡزَوۡنَ عَذَابَ ٱلۡهُونِ بِمَا كُنتُمۡ تَقُولُونَ عَلَى ٱللَّهِ غَيۡرَ ٱلۡحَقِّ وَكُنتُمۡ عَنۡ ءَايَٰتِهِۦ تَسۡتَكۡبِرُونَ [٩٣]

Nta n'umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah ko Itigeze Ituma Intumwa mu bantu; canke uwuvuga ati: “Narahishuriwe”, kandi Imana Allah Itigeze Imuhishurira ikintu na kimwe; canke uwuvuga ati: “Nanje ndashoboye kumanura nk’ivyo Imana Allah Yamanuye muri Qor’ani!”. Ntumwa y'Imana! Iyo uba wobona ukuntu abirenganya mu kurementaniriza Imana Allah bamerewe igihe bari ku mpfiro, wobonye igitangaza giteye ubwoba igihe abamalayika bajejwe kwakira imishaha y’ibiremwa, bariko barababwira n’agashinyaguro n’akantu bati: “Nimwikuremwo imishaha yanyu rero! Uno musi muhabwa igihano c’agasuzuguro gitewe n’ukuntu mwahora murementaniriza Imana Allah, n’ukuntu mwahora mugira amanyama mu kudakurikira Qor’ani n’Intumwa z’Imana Allah”;