The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesShe that is to be examined [Al-Mumtahina] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 4
Surah She that is to be examined [Al-Mumtahina] Ayah 13 Location Madanah Number 60
قَدۡ كَانَتۡ لَكُمۡ أُسۡوَةٌ حَسَنَةٞ فِيٓ إِبۡرَٰهِيمَ وَٱلَّذِينَ مَعَهُۥٓ إِذۡ قَالُواْ لِقَوۡمِهِمۡ إِنَّا بُرَءَٰٓؤُاْ مِنكُمۡ وَمِمَّا تَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ كَفَرۡنَا بِكُمۡ وَبَدَا بَيۡنَنَا وَبَيۡنَكُمُ ٱلۡعَدَٰوَةُ وَٱلۡبَغۡضَآءُ أَبَدًا حَتَّىٰ تُؤۡمِنُواْ بِٱللَّهِ وَحۡدَهُۥٓ إِلَّا قَوۡلَ إِبۡرَٰهِيمَ لِأَبِيهِ لَأَسۡتَغۡفِرَنَّ لَكَ وَمَآ أَمۡلِكُ لَكَ مِنَ ٱللَّهِ مِن شَيۡءٖۖ رَّبَّنَا عَلَيۡكَ تَوَكَّلۡنَا وَإِلَيۡكَ أَنَبۡنَا وَإِلَيۡكَ ٱلۡمَصِيرُ [٤]
Bemeramana! Mu vy’ukuri, murafise akarorero keza mwokwisunga mu mvugo no mu ngiro, ku Ntumwa y’Imana Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo, igihe babwira abantu babo batemera bati: “Mu vy’ukuri twebwe, turitandukanije na mwe hamwe n’ivyo musenga mu gishingo c’Imana Allah. Kuva ubu rero, twagararije ivyo mwemera mu bigirwamana, hamaze no kwibonekeza urwanko n’inzigo hagati yacu na mwe, kugeza aho muzokwemera Imana Imwe Rudende Allah, mukavavanura no gusenga ibigirwamana”. Ariko rero, ntimwokwigana ijambo ry’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwiye se yagarariza iti: “Ni ukuri, nzogusabira imbabazi ku Mana Allah, mugabo jewe nta na kimwe nzokumarira ku Mana Allah[1]”. Ibrahimu rero yahavuye atakambira Imana Allah, ati: "Mana yacu Rurema Allah! Twamaze kukwishimikiza mu kukwizera muri vyose, kandi twagarutse iwawe kwigaya, burya iwawe gusa ni yo maherezo yacu;