The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Ranks [As-Saff] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 14
Surah The Ranks [As-Saff] Ayah 14 Location Madanah Number 61
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ كُونُوٓاْ أَنصَارَ ٱللَّهِ كَمَا قَالَ عِيسَى ٱبۡنُ مَرۡيَمَ لِلۡحَوَارِيِّـۧنَ مَنۡ أَنصَارِيٓ إِلَى ٱللَّهِۖ قَالَ ٱلۡحَوَارِيُّونَ نَحۡنُ أَنصَارُ ٱللَّهِۖ فَـَٔامَنَت طَّآئِفَةٞ مِّنۢ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ وَكَفَرَت طَّآئِفَةٞۖ فَأَيَّدۡنَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ عَلَىٰ عَدُوِّهِمۡ فَأَصۡبَحُواْ ظَٰهِرِينَ [١٤]
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimubandanye kuba abatabazi b’idini ry’Imana Allah; nka kurya abigishwa b'Intumwa y’Imana Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) babigenjeje, igihe yavuga ibabwira iti: “Ni bande muri mwebwe bontabara mu nzira y’Imana Allah?”, maze na bo bayishura bati: “Nyabuna rero, ni twebwe dutabara mu nzira y’Imana Allah”. Umugwi umwe rero muri Bene Israyeli uraheza uremera, uwundi mugwi na wo urahakana, maze Twebwe Allah Dushoka Dushigikira abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo mu kurwanya abansi babo, gutyo baraheza barabatsinda kw’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).