عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The heights [Al-Araf] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 143

Surah The heights [Al-Araf] Ayah 206 Location Maccah Number 7

وَلَمَّا جَآءَ مُوسَىٰ لِمِيقَٰتِنَا وَكَلَّمَهُۥ رَبُّهُۥ قَالَ رَبِّ أَرِنِيٓ أَنظُرۡ إِلَيۡكَۚ قَالَ لَن تَرَىٰنِي وَلَٰكِنِ ٱنظُرۡ إِلَى ٱلۡجَبَلِ فَإِنِ ٱسۡتَقَرَّ مَكَانَهُۥ فَسَوۡفَ تَرَىٰنِيۚ فَلَمَّا تَجَلَّىٰ رَبُّهُۥ لِلۡجَبَلِ جَعَلَهُۥ دَكّٗا وَخَرَّ مُوسَىٰ صَعِقٗاۚ فَلَمَّآ أَفَاقَ قَالَ سُبۡحَٰنَكَ تُبۡتُ إِلَيۡكَ وَأَنَا۠ أَوَّلُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ [١٤٣]

Igihe rero Musa yaza, ikiringo c’amajoro mirongo ine kimaze gukwira, maze Imana yiwe Rurema Allah Ikavugana na we mu kumuhishurira amabwirizwa yayo, yaripfuje kubona Imana Allah imbona nkubone, aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nyiyereke ndakubone”. Imana Allah Iraheza Imwishura Iti: “Ntushobora kumbona mu buzima bwo kw’isi! Ariko raba urya musozi, ninawiyereka ugashobora kuguma nk’uko uri, muri ico gihe na we urashobora kumbona”. Imana yiwe Rurema Allah Imaze kwiyereka nya musozi waciye usenyuka urayoka, Musa na we aca agwa igihumura araraba. Amaze kurabuka, aca avuga ati: “Ininahazwa ni iryawe Mana! Ndigaye kugusaba kukubona imbona nkubone kw’isi, kandi jewe ndi n’uwa mbere mu bemeramana mu bantu banje”.