The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe heights [Al-Araf] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 158
Surah The heights [Al-Araf] Ayah 206 Location Maccah Number 7
قُلۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ إِنِّي رَسُولُ ٱللَّهِ إِلَيۡكُمۡ جَمِيعًا ٱلَّذِي لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ يُحۡيِۦ وَيُمِيتُۖ فَـَٔامِنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِ ٱلنَّبِيِّ ٱلۡأُمِّيِّ ٱلَّذِي يُؤۡمِنُ بِٱللَّهِ وَكَلِمَٰتِهِۦ وَٱتَّبِعُوهُ لَعَلَّكُمۡ تَهۡتَدُونَ [١٥٨]
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu! Jewe mu vy’ukuri, ndi Intumwa y’Imana Allah kuri mwebwe mwese, ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, ni Yo Itanga ubuzima Ikanabwaka, Ikazozura n’abapfuye. Kubera ivyo rero, nimwemere Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa yayo, Umuvugishwamana atigeze yiga kwandika no gusoma, yemera Imana Imwe Rudende Allah, akemera n’amajambo yayo Yamumanuriye n’ayo Yamanuriye Abavugishwamana bo hambere yiwe, kandi mumukurikire mwubahirize n’amabwirizwa yiwe kugira mube abagororotsi”.