The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe heights [Al-Araf] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 164
Surah The heights [Al-Araf] Ayah 206 Location Maccah Number 7
وَإِذۡ قَالَتۡ أُمَّةٞ مِّنۡهُمۡ لِمَ تَعِظُونَ قَوۡمًا ٱللَّهُ مُهۡلِكُهُمۡ أَوۡ مُعَذِّبُهُمۡ عَذَابٗا شَدِيدٗاۖ قَالُواْ مَعۡذِرَةً إِلَىٰ رَبِّكُمۡ وَلَعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ [١٦٤]
Ntumwa y'Imana! Ibuka kandi n'igihe umugwi w’abantu muri bo wabwira uwundi mugwi w’abahanura abarenga kw’ibwirizwa ryo kutaroba ku musi w'isabato wubashwe, uti: “Ni kuki muhanura abantu, Imana Allah Izobahonya kw’isi kubera ivyaha bakora, canke Ikazobahana mu buzima bw’inyuma yo gupfa!”. Abahanura abarenga kuri nya bwirizwa, bishuye bati: “Tubahanura twubahiriza ibwirizwa ryo kubwiriza ivyiza n’iryo kubuza ibibi, kugira tuzoronke icireguzo ku Mana yanyu Rurema Allah ko twabahanuye”. Iryo hanurwa ryabo rero, kwari kugira bagamburukire Imana Allah mu kutarenga ku mabwirizwa yayo.