The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe heights [Al-Araf] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 187
Surah The heights [Al-Araf] Ayah 206 Location Maccah Number 7
يَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلسَّاعَةِ أَيَّانَ مُرۡسَىٰهَاۖ قُلۡ إِنَّمَا عِلۡمُهَا عِندَ رَبِّيۖ لَا يُجَلِّيهَا لِوَقۡتِهَآ إِلَّا هُوَۚ ثَقُلَتۡ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ لَا تَأۡتِيكُمۡ إِلَّا بَغۡتَةٗۗ يَسۡـَٔلُونَكَ كَأَنَّكَ حَفِيٌّ عَنۡهَاۖ قُلۡ إِنَّمَا عِلۡمُهَا عِندَ ٱللَّهِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ [١٨٧]
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku vyerekeye umuhero w’isi, ni ryari uzoshika? Babwire uti: “Mu vy’ukuri, ubumenyi bw’igihe uzoshikira bufiswe n’Imana yanje Rurema Allah, nta n’umwe ashobora kugaragaza igihe cawo kiretse Yo Yonyene. Igihe umuhero w’isi uzoshikirako, kinyegejwe ibiremwa vyose vyo mu majuru no mw’isi, nta n’umwe muri vyo azi igihe uzoshikira. Ntuzobishikira rero kiretse ko uzobishikira giturumbuka”. Ntumwa y’Imana! Bakubaza nk’aho woba witwararitse cane kumenya igihe umuhero w’isi uzoshikirako! Babwire uti: “Ni ukuri, ubumenyi bw’igihe uzoshikirako bufiswe n’Imana yanje Allah, ariko rero abenshi mu bantu ntibazi ko bufiswe na Yo gusa”.