The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe heights [Al-Araf] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 46
Surah The heights [Al-Araf] Ayah 206 Location Maccah Number 7
وَبَيۡنَهُمَا حِجَابٞۚ وَعَلَى ٱلۡأَعۡرَافِ رِجَالٞ يَعۡرِفُونَ كُلَّۢا بِسِيمَىٰهُمۡۚ وَنَادَوۡاْ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ أَن سَلَٰمٌ عَلَيۡكُمۡۚ لَمۡ يَدۡخُلُوهَا وَهُمۡ يَطۡمَعُونَ [٤٦]
Hagati y’Ubwami bw’ijuru n’umuriro rero, hazoba hari uruzitiro amahanga rwitwa “A’raaf”. Kuri nya ruzitiro hazoba hari abantu bazitiriwe ng’aho, bazomenyera umwe wese mu bantu bo mu Bwami bw'ijuru canke bo mu muriro, ku bimenyetso bimuranga[12]. Abo bantu rero, ni barya ivyiza n’ibibi vyabo bizoba biri ku rugero rumwe, maze bazitirirwe ng’aho barindiriye impuhwe z’Imana Allah. Bazoheza rero basemerere bahamagara abantu bo mu Bwami bw’ijuru babakeza bati: “Nimugire amahoro”. Muri ico gihe, abari muri nya ruzitiro, ntibazoba barabwinjiramwo, n’aho bazoba bagifise umwizero wo kubwinjiramwo.