عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

Spoils of war, booty [Al-Anfal] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 19

Surah Spoils of war, booty [Al-Anfal] Ayah 75 Location Madanah Number 8

إِن تَسۡتَفۡتِحُواْ فَقَدۡ جَآءَكُمُ ٱلۡفَتۡحُۖ وَإِن تَنتَهُواْ فَهُوَ خَيۡرٞ لَّكُمۡۖ وَإِن تَعُودُواْ نَعُدۡ وَلَن تُغۡنِيَ عَنكُمۡ فِئَتُكُمۡ شَيۡـٔٗا وَلَوۡ كَثُرَتۡ وَأَنَّ ٱللَّهَ مَعَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ [١٩]

Bagarariji! Nimwasabira abarenganya abandi igihano ku Mana Allah, nta nkeka ko Imana Allah Yamaze kubumvira igihe Yabahanisha ukuneshwa ku rugamba. Nimwaramuka rero mwisubiyeko mukavavanura n’igarariza ry’Imana Allah, mukanareka kurwanya n’Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ivyo bizoba ari vyiza kuri mwebwe. Nimwongera kurwanya Umuvugishwamana, Tuzosubira Tubatsinde kandi, imigwi yanyu nta na kimwe izoheza ngo ibamarire, n’aho izoba igizwe n’ingabo n’ibirwanisho vyinshi, kanatsinda Imana Allah Iri kumwe n’abemeramana, ntibatana urugamba.