The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesSpoils of war, booty [Al-Anfal] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 60
Surah Spoils of war, booty [Al-Anfal] Ayah 75 Location Madanah Number 8
وَأَعِدُّواْ لَهُم مَّا ٱسۡتَطَعۡتُم مِّن قُوَّةٖ وَمِن رِّبَاطِ ٱلۡخَيۡلِ تُرۡهِبُونَ بِهِۦ عَدُوَّ ٱللَّهِ وَعَدُوَّكُمۡ وَءَاخَرِينَ مِن دُونِهِمۡ لَا تَعۡلَمُونَهُمُ ٱللَّهُ يَعۡلَمُهُمۡۚ وَمَا تُنفِقُواْ مِن شَيۡءٖ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ يُوَفَّ إِلَيۡكُمۡ وَأَنتُمۡ لَا تُظۡلَمُونَ [٦٠]
Bislamu! Muritegurira neza uko mushoboye kwose urugamba rwo guhangana n’abansi banyu, mu gutunganya ingabo n’ibirwanisho kugira ngo mutere ubwoba abansi b’Imana Allah, bakaba ari na bo bansi banyu, mutere ubwoba n’abandi mutaramenya ko ari abansi banyu, ariko Imana Allah Ikaba Ibazi n’ivyo bahishije mu mishaha. Ico ari co cose mutanze rero mu nzira yo guharanira idini ry'Imana Allah, caba gito canke kinini, Imana Allah Izokibasubiriza mu ndumane mukiri kw’isi, Iheze Inakibahembere mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kandi ntimuzorenganywa namba.