The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesRepentance [At-Taubah] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 118
Surah Repentance [At-Taubah] Ayah 129 Location Madanah Number 9
وَعَلَى ٱلثَّلَٰثَةِ ٱلَّذِينَ خُلِّفُواْ حَتَّىٰٓ إِذَا ضَاقَتۡ عَلَيۡهِمُ ٱلۡأَرۡضُ بِمَا رَحُبَتۡ وَضَاقَتۡ عَلَيۡهِمۡ أَنفُسُهُمۡ وَظَنُّوٓاْ أَن لَّا مَلۡجَأَ مِنَ ٱللَّهِ إِلَّآ إِلَيۡهِ ثُمَّ تَابَ عَلَيۡهِمۡ لِيَتُوبُوٓاْۚ إِنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلتَّوَّابُ ٱلرَّحِيمُ [١١٨]
Vyongeye, Imana Allah Yarumviye Igirira n'ikigongwe abantu batatu[35] mu basangwa basivye ku rugamba rwa Tabuuki, hanyuma baratuntura ku mutima gushika n’aho isi ibagira kandi isanzwe yagutse kubera agahinda n’ukwicuza, barabura iyo baja n’iyo bava, baraheza baramenya ata gukekeranya ko ata buhungiro bafise kiretse ku Mana Allah. Ni ho rero mu nyuma Imana Allah Yabumvira, Iraheza Irabashoboza kwigaya kuri Yo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Yo Nyenukwumvirabigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.