عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

Repentance [At-Taubah] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 37

Surah Repentance [At-Taubah] Ayah 129 Location Madanah Number 9

إِنَّمَا ٱلنَّسِيٓءُ زِيَادَةٞ فِي ٱلۡكُفۡرِۖ يُضَلُّ بِهِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ يُحِلُّونَهُۥ عَامٗا وَيُحَرِّمُونَهُۥ عَامٗا لِّيُوَاطِـُٔواْ عِدَّةَ مَا حَرَّمَ ٱللَّهُ فَيُحِلُّواْ مَا حَرَّمَ ٱللَّهُۚ زُيِّنَ لَهُمۡ سُوٓءُ أَعۡمَٰلِهِمۡۗ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡكَٰفِرِينَ [٣٧]

Ni ukuri, uguhindura amazina y’ayo mezi matagatifu kiziramwo kurwana, agahabwa amazina y’ayandi mezi arekuwemwo kurwana, ni ukwimonogoza mu bugarariji, ni n’uburyo shetani ikoresha mu guhubisha abagararije. Bazirura kurwana mu kwezi gutagatifu, bagahindura izina ryakwo muri uyu mwaka, bakazosubira kukuziririza mu mwaka ukurikira, kugira bubahirize gusa igitigiri c’amezi matagatifu uko ari ane ku mwaka, ivyo bigatuma bazirura muri yo, ayari asanzwe yaraziririjwe n’Imana Allah[7]. Shetani yarabaryohereje ububi bw’ibikorwa vyabo. Burya Imana Allah, ntishoboza kurongoka mu nzira yayo abantu b’abagarariji.