The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesRepentance [At-Taubah] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 60
Surah Repentance [At-Taubah] Ayah 129 Location Madanah Number 9
۞ إِنَّمَا ٱلصَّدَقَٰتُ لِلۡفُقَرَآءِ وَٱلۡمَسَٰكِينِ وَٱلۡعَٰمِلِينَ عَلَيۡهَا وَٱلۡمُؤَلَّفَةِ قُلُوبُهُمۡ وَفِي ٱلرِّقَابِ وَٱلۡغَٰرِمِينَ وَفِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَٱبۡنِ ٱلسَّبِيلِۖ فَرِيضَةٗ مِّنَ ٱللَّهِۗ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٞ [٦٠]
Mu vy’ukuri, ishikanwa-bwirizwa ryagenewe guhabwa aboro[16], abakene[17], abaryegeranya, abakundishwa ubwislamu[18], kubohoza abagurano, kurihira abananiwe kwishura ingurane[19], guharanira idini ry’Imana Allah, hamwe no gufasha uwuri ku rugendo yakehaniwe n’uburyo. Igaburwa ry’iryo shikanwa-bwirizwa ryagenwe n’Imana Allah. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibitunganye ku baja bayo, Intungane mu vyo Ikora.