عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

Repentance [At-Taubah] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 74

Surah Repentance [At-Taubah] Ayah 129 Location Madanah Number 9

يَحۡلِفُونَ بِٱللَّهِ مَا قَالُواْ وَلَقَدۡ قَالُواْ كَلِمَةَ ٱلۡكُفۡرِ وَكَفَرُواْ بَعۡدَ إِسۡلَٰمِهِمۡ وَهَمُّواْ بِمَا لَمۡ يَنَالُواْۚ وَمَا نَقَمُوٓاْ إِلَّآ أَنۡ أَغۡنَىٰهُمُ ٱللَّهُ وَرَسُولُهُۥ مِن فَضۡلِهِۦۚ فَإِن يَتُوبُواْ يَكُ خَيۡرٗا لَّهُمۡۖ وَإِن يَتَوَلَّوۡاْ يُعَذِّبۡهُمُ ٱللَّهُ عَذَابًا أَلِيمٗا فِي ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةِۚ وَمَا لَهُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ مِن وَلِيّٖ وَلَا نَصِيرٖ [٧٤]

Indyarya zirarahira zikarengwa kw’Izina ry’Imana Allah zibesha ko zitigera zibangamira Intumwa n’abemeramana. Ziranguha! Zaravuze ijambo ry’ukugarariza ryatumye ziva mu bwislamu, zaranagerageje guhohotera Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), maze Imana Allah Irakinga ntizagira ico zishikako. Nta n’ico zinegura abemeramana, kiretse ko Imana Allah Yabahaye ingabirano n’imigisha bazaniwe n’Intumwa yayo. Abagarariji nibaramuka bisubiyeko bakagaruka ku Mana Allah bakigaya, bizoba ari vyo vyiza kuri bo; nibagenza umugongo naho bakirengagiza ukuri, Imana Allah Izobahanisha ibihano bibabaza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kira noneho, ntibazoronka mw’isi yose uwubakura mu bihano, eka nta n’uwubibakingira bazoronka.