The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesRepentance [At-Taubah] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 81
Surah Repentance [At-Taubah] Ayah 129 Location Madanah Number 9
فَرِحَ ٱلۡمُخَلَّفُونَ بِمَقۡعَدِهِمۡ خِلَٰفَ رَسُولِ ٱللَّهِ وَكَرِهُوٓاْ أَن يُجَٰهِدُواْ بِأَمۡوَٰلِهِمۡ وَأَنفُسِهِمۡ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَقَالُواْ لَا تَنفِرُواْ فِي ٱلۡحَرِّۗ قُلۡ نَارُ جَهَنَّمَ أَشَدُّ حَرّٗاۚ لَّوۡ كَانُواْ يَفۡقَهُونَ [٨١]
Abasivye ku rugamba rwa Tabuuki, bararyohewe n’ugusigara i Madina baciye kubiri n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakaba basivye ku kwanka kujana na yo guharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo, baraheza babwirana hagati yabo bati: “Ntimuhirahire ngo mugende ku rugamba mu bushuhe buri aho![21]”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Umuriro wa Jahannamu nyabuna ni wo urimwo ubushuhe bw’akataraboneka”, nibaba koko bazi ico ari co ubushuhe.