The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesRepentance [At-Taubah] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 83
Surah Repentance [At-Taubah] Ayah 129 Location Madanah Number 9
فَإِن رَّجَعَكَ ٱللَّهُ إِلَىٰ طَآئِفَةٖ مِّنۡهُمۡ فَٱسۡتَـٔۡذَنُوكَ لِلۡخُرُوجِ فَقُل لَّن تَخۡرُجُواْ مَعِيَ أَبَدٗا وَلَن تُقَٰتِلُواْ مَعِيَ عَدُوًّاۖ إِنَّكُمۡ رَضِيتُم بِٱلۡقُعُودِ أَوَّلَ مَرَّةٖ فَٱقۡعُدُواْ مَعَ ٱلۡخَٰلِفِينَ [٨٣]
Ntumwa y’Imana! Imana Allah niyakugarukana amahoro uvuye ku rugamba rwa Tabuuki, ugahura n’umugwi w’izo ndyarya, maze ukagusaba ko mwojana ku rundi rugamba, urawubwira uti: “Ntimuzokwigera mujana nanje na rimwe ku rugamba, kandi ntimuzokwigera mufadikanya nanje kurwanya umwansi, mu vy’ukuri mwarashimishijwe no gusiba ubwa mbere ku rugamba; nimwiyicarire rero mugumane n’abasivye ku rugamba, batigeze bajana n’Intumwa" (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).