The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesRepentance [At-Taubah] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 94
Surah Repentance [At-Taubah] Ayah 129 Location Madanah Number 9
يَعۡتَذِرُونَ إِلَيۡكُمۡ إِذَا رَجَعۡتُمۡ إِلَيۡهِمۡۚ قُل لَّا تَعۡتَذِرُواْ لَن نُّؤۡمِنَ لَكُمۡ قَدۡ نَبَّأَنَا ٱللَّهُ مِنۡ أَخۡبَارِكُمۡۚ وَسَيَرَى ٱللَّهُ عَمَلَكُمۡ وَرَسُولُهُۥ ثُمَّ تُرَدُّونَ إِلَىٰ عَٰلِمِ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ فَيُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ [٩٤]
Bemeramana! Igihe mwagarutse muvuye ku rugamba rwa Tabuuki, abasivye kuri rwo bazobireguzako ikinyoma. Ntumwa y’Imana! Uraheza rero ubishure uti: “Ntimwirirwe muriregura, mu vy’ukuri ivyanyu Imana Allah Yamaze kubitumenyesha. N’aho mwokwiregura rero, ntiturota tubemera namba. Kubera ivyo rero, Imana Allah n’Intumwa yayo bazoraba ko mwikebuka mukigaya. Nimwatsimbatara ku buryarya naho, Imana Allah Izoheza Igaragarize abantu uburyarya bwanyu mukiri kw’isi; mumaze gupfa naho muzosubizwe ku Mana Allah Rumenyi rw’ibinyegeje n’ibiboneka, Iheze Ibahembere ivyo mwakoze”;